Umugabo wanje yateye inda abakobwa bose banyambariye mu bukwe (Dauphine). Inkuru y’uyu mugore yatangaje benshi.



Uyu mugore wasavye ko imyirondoro yiwe idashirwa hanze kumugaragaro, avuga ko afite imyaka 32 ndetse akaba afite abana batatu. Uyu mugore aremerako   abaye murugo rwiza mbere  batunze avuga ko nubwo biriko urugo rwiwe kuriwe rurutwa na gereza inyuma yuko arugiriyemo agahinda kenshi cane, ngo yagize agahinda kenshi igihe yamenyako  ko umugabo wiwe aryamana n’abakobwa bose bamwambariye ( aba Dauphine biwe) mu bukwe bwe ndetse ko bose yamaze kubatera inda uko ari bane. 

kwaliti by gh indirimbo iryoshe cane yrirabe yose ngaha

 akimara kumenya ayo makuru yakubiswe n’inkuba ndetse abura ico gukora kuko abo bakobwa yabafata nk’incuti ziwe magara ndetse ko  bahora basangira vyinshi mu buzima.Uyo mugore yababajwe cane nukuntu yanagiye  ababwira aba bakobwa ukuntu umugabo we ari igihangange mu gutera akabariro, Aranavyo ivyo vyatumye umwe muribo agira amakenga atangura kurungikira  utumesaje uwo mugabo aricuza ico twabibabwiye kuko ariho vyahereye vyose.

UBwa mbere akimara kumenya ivy’ubutumwa umwe muri abo bakobwa yandikirana n’umugabo ngo ntabwo yabigize birebire kuko yumvako ari ukuganira bisanzwe, biturutse ku kuba yarabizera cane abo bakobwa ndetse yabafata nk’abavandimwe biwe. Gusa ngo vyaje guhindura isura munyuma ubwo umwe muribo yatwara inda, vyakomeje kandi kumubana amayobera akomeye kurusha  igihe munyuma yumvako abo bakobwa uko ari bane bose batwaye inda mu gihe kimwe.

Amaze kumenya neza ko ari umugabo wiwe yabateye inda, ngo yaramwegereye amubwira agahinda kiwe, umugabo aravyemera ndetse anasaba imbabazi ashikamye avuga ko yaryamanye nabo kuko bamugobeye cane ariko atabakunda. Uwo mugabo yakomeje abwira umugore wiwe ko bidakwiye ko batandukana kuko amukunda cane. Uyu mugore rero ninaho yahereye asaba ko bamugira inama bitewe nuko ubu nawe ubwiwe afise inda  y'umwana wa kane, bivuze ko umugabo we afite abantu batanu bose yiteguriye kwankira .

Nikihe kintu nkimpanuro woha uwomugore kubwawe urabonako yomuta akagenda ,nikihe kintu coco wombwira uyo mugabo? Tanga impanuro ibereye kuko vyofasha benshi.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact