Kwikinisha canke kwisambanya: Ingaruka zavyo ndetse n’impanuro zogufashaa nimba warabaye umuja wavyo.



Kwikinisha canke ivyo bita “Masturbation”. Ni igikorwa gikorwa mugihe  umuntu ashaka kwiryohera ku giti ciwe bitabaye ngombwa ko abonana na mugenzi we. Iki ni igikorwa gikorwa cane cane mu rwaruka rw’iki gihe, gusa hari n’abubatse ingo vyabagize umuja wavyo kuburyo nabo babikora.

kardian tou theou by GH indirimbo iryoshe cane yirabe yose ngaha

Nubwo mu Burundi ata bushakashatsi  burakorwa; benshi ndazi barazingamitse Nico kintu kandi vuba birashoborz kukumerera nabi nimba nawe ubikora.

Muri iyi nkuru tugiye kurabira hamwe  ivyo abahinga mu vy’ubuzima bw’umuntu bagaragaza nk’ingaruka mbi zo kwikinisha.

Kwikinisha ni iki ?

Kwikinisha canke “Masturbation” ni igikorwa co gukinisha igitsina gikorwa umuntu agamije kwinezereza bivanye nivyiyumviro bibi vyogushaka imibonano mpuea bitsina arko akaba ariwenyene bigaca bituma yumva yokwiha uwo munezere  kugeza avyirangirije wenyene,bishobora kuba ku gitsina gore canke igitsina gabo. Bakomeza kandi bavugako ibitigiri vyiinshi vy'abantu bikinisha bakunda kubikora buri munsi, mu gihe abandi babikora  rimwe canke kabiri mu kwezi.

Ubushakashatsi bwagaraje ko abantu bikinisha cane bari kurugero kuva ku myaka 14-21. Abahungu bakinisha ku rugero rwibice 52% naho abakobwa ibice 48%.

Ingaruka mbi zo kwikinisha

Nkuko tubikesha abahinga mu vy’ubuzima, kwikinisha bigira ingaruka nyinshi k’umubiri w'umuntu yaba ku mugabo ndetse no ku mugore, muri zo twavugamwo nko:


1.Ku bahungu bituma igitsina kigorama bitewe n’ukuboko bakoresha bikinisha.

2.Kurangiza vuba mu gihe c’imibonano mpuzabitsina.

3.Ku bahungu, hari igihe bageraho,baja kunyara n’amasohoro akaza.

3.Ku bakobwa canke abagore,vyangiza rugongo kuburyo udashobora kurangiza,keretse bikinishije.

4 Ku bagabo bituma imbuto ngabo,ziba zibihubwa canke ntizikorwe neza.

5.Bishobora kwangiza ubwonko,ugasanga umuntu arasusumira ndetse n’ingingo ntizikomere.

6. Bishobora gutuma umutima utera nabi.

7. Byangiza udutsi two mu bwonko,ukaba waba umuntu uhubuka,utazi gufata ivyemezo.

8.Bishobora gutera ubugumba ku bagabo.

9.Bitera gusaza imburagihe.

10. Bitera kubabara umugongo.

11.Guhorana umunaniro ukabije,….

Impanuro canke ivyo woshobora gukora mugihe wamaze kunanizwa nivyo bintu

• Mbere na mbere banza wumve ko kwikinisha ari bibi kandi wiyemeje kubireka.

• Irinde kuba uri wenyene igihe kinini.

• Reka kureba filimi za porono ndetse n’amafoto y’abakobwa bambaye ubusa.

• Gerageza gushaka ikintu uguma ukora nko gukora siporo,kuririmba indirimbo,gushushanya,….

• Irinde kurara wenyine kuko iyo ubitekerejeho urikumwe n’umuntu utinya kubikora

• Mbere yo kuryama,reba ibintu ukora kuburyo unanirwa ugahita usinzira.

• Gerageza gushaka inshuti z’abo mudahuje igitsina,ibi biragufasha cyane.

• Ja urya imbuto n’imboga zitandukanye kuko bituma umubiri ugira imbaraga,bigatuma uhangana n’ingaruka zo kwikinisha.

• Gisha inama umuntu wizeye ataco umuhisha,kuko iyo ushaka gukira indwara urayirata.

 Nimba wipfuza vyinshi canke wipfuza gufashwa fyonda ngaha maze wansikire umuhinga abigufashe : fyonda aha

4 Commentaires

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact