Dramat yavuze amajambo menshi bivanye nukuntu mugihugu c'uburundi



Dramat yavuze amajambo menshi  bivanye nukuntu mugihugu c'uburundi mumarushanwa ya trace award 2 festival igiye kubera mugihugu c'urwanda

Umuririmvyi azi ivyo arimwo akwiye kuba abona kure y'imbibe nka Drama T .

Vyukuri umuziki w'uburundi ni mwiza kumpande zose kandi ujanye n'igihe.Ariko biratangaje ukungene tubura abaririmvyi boja baraduserukira mumahiganwa mpuzamakungu canke ay'aha mukarere kandi twirirwa turabona ama Hit asohoka buri munsi.

BIPFIRA_HE????

1. Ntabumwe buri hagati y'abaririmvyi (umwe wese ni bambone, ndakaze, maze ikinjana ndirimbo🤣🤣🤣 canke ngo nanje ubu ndafise 1M views😂😂😂)

2. Ibinyamakuru n'amaradiyo biracavuza umuziki w'uburundi munsi ya 50% kandi dushaka n'imiburiburi 80%

3. Aba promoters bokumbuga ntibaramenya gukora #Buzz izamura umu artist, kandi ubwabo ni #Ubusimbirahamwe ntibaramenya kuvyaza umusaruro #inkuru hamwe n'imbuga

4.Ntabucuti buri hagati y'abapromoters n'abaririmvyi kuko bose ntibaratahurana ivyo barimwo🤔🤔🤔

Musomyi wewe ubona bipfira hehe?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact