Gianni Infantino yatanguje icese umugambi wa "Football For School"



📍 Mu rugendo arimwo mu Burundi, umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA ahejeje gutanguza icese kuri uyu wa 21 Gitugutu 2023 ku kibuga Urunani co mu ntara ya Cibitoke umugambi wa "Football For School", werekeye cane cane abana bari ku mashure

📜 Mu bindi vyamuzanye harimwo ukuyaga n'abarongoye umupira w'amaguru mu Burundi hamwe n'indongozi zikuru mu gihugu ku vyerekeye umugambi wa FIFAForward 



✍🏾 Uyo mugambi "FIFA Forward" ujejwe kwongereza inguvu ku kuntu ibihugu bisanzwe biteza imbere umupira w'amaguru no gufata mu mugongo urwo rukino kw'isi yose kugira abarukina bose bashobore kwisanzura no kwerekana impano biciye mu mupira 

🏟️ Bitegekanijwe ko Gianni Infantino aca yakirwa n'Umukuru w'igihugu mu ngoro "Kwa Ntare" hama agende kuraba aho ibikorwa vyo gusanura ikibuga Intwari bigeze.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact