Gatumba umwuzurira wabaye ndanse

Gatumba: ingaruka mbi z'imyuzurira zitera ziyongera, ubu abanyagihugu umutima urahagaze

🗓️ Kuri uyu munsi wa 15 Ndamukiza 2024, aho twashika muri zone Gatumba kugira ngo turabe uko vyifashe inyuma y'iduga ry'amazi y'ikiyaga #Tanganyika, vyatumye uruzi #Rusizi rutaronka aho rwisuka maze amazi yarwo ashwara mu mihana y'abantu

🧘‍♀️ Aho twaciye twakiriwe n'utugwi tw'abantu bagandagaje n'umwiheburo mwinshi biboneka ko baraye hanze kuko amazu yose yarengewe n'amazi, mbere n'igice kitari gito c'ibarabara rya Gatumba kikaba cararengewe n'amazi, abarovyi bakaroba ku nkengera y'ibarabara ukuri kwamye

💬 Twaganiriye n'abo banyagihugu baraducira ku mayange uko ubuzima bwabo bwifashe muri ino misi:

😟 Umwe yatubwiye ati: "Ubu tweho twarihebuye nti tukigira n'uwo dutura amarira. Aha turarara duhagaze, namwe muribonera uko atan'ahantu tugisendekereza n'amatungo yacu, twabonye ivyo twimbuye bitanguye kutuborana duca turabigurisha"

🧳 Abafise uburyo bakagira n'aho bimukira bariko baratekera utwabo bagenda, ariko kubera ko batakirara iruhande y'amazu yabo, baridoga ko ivyo baba basizemwo bica vyibwa canke amabati ari ku mazu agasahurwa

👨‍⚕ Amagara y'abo benegihugu nayo nyene arageramiwe kuko ata tuzu twa surw'umwe bakigira: "uwushatse kwihagarika umwanda mukuru canke muto yiherea mu mazi"

🪫 Kubera uwo mwanda hamwe n'iyindi micafu ija mu mazi, abayacamwo ibirenge vyarafurutiye ku buryo hari n'abatagishobora gutambuka

😩 Abo benegihugu baterwa impungenge n'uko ata umuntu n'umwe abaserukako ngo abahumurize. Bakavuga ko basavye babukire umuserege munini wo gukinga amazi ya Rusizi nt'agume ashwara mu banyagihugu ariko amaso yaheze mu nzira

🙏🏿 Barasaba kandi ko ababishoboye bobaserukako kuko n'aho bokwimurwa nk'uko babimenyesejwe, ngo "vyobagora kubandanya bakurikirana imirima yabo bafise mu Maramvya hamwe n'ayandi matungo bafise muri iyo micungararo"






Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact