Umukuru w'igizagara ca Bogota yatanze yatwengeke abenegihugu

 Umukuru w'igisagara ca Bogoto yatanze impanuro zitwengeje z'ukuntu abanya Colombiya bokoresha amazi muri iki gihe c'ubugararwa bagizemwo iminsi.


Igisagara ca Bogota caciwemwo imirwi icenda, kugira abanyagisagara baze barakurakuranwa kuronswa amazi meza. Aho n'inyuma y'uko igihugu ca Colombiya gihuriye n'ikibazo co kuronka amazi meza kubera ubugararwa buhagize iminsi buvuye kurugero rw'ubushuhe bwo mw'ibahari bita El Nino.


Leta ya Colombiya yaciye yitunganya vyihuta kugira ishobore gukwiza amazi meza kumurwa mukuru Bogota, mbere bawugaburamwo imice icenda kugira iyi mice ize irakurakuranwa mukuronswa amazi.


Zimwe mumpanuro zatanzwe n'umukuru w'igisagara(maire) Carlos Fernando Galan muntumbero yo gukoresha ayo mazi neza, nizo ziriko zitangaza abatari bake.

Ariko arishura kubibazo kumboneshakure Noticias Caracol, umukuru w'igisagara Fernando yasavye abanya Colombiya kwirinda kumara umwanya munini mucumba c'ubwogero(douche) agira ati: " Jewe noga iminota itatu."


Yongeye ahanura abanya Colombiya ko iyo badafise umugambi wo gusohoka uwo munsi batokwoga.


"Nimba hari umunsi utaza gusohoka ntiwoge. Nko kuwamungu mutateguye gusohoka gacishemwo mureke kwoga."


Iyabaye iyanyuma yo yatwengeje abanya Colombia, Fernando yababwiye ko nk'abari murukundo(couple) batoza baroga batandukanye yahanuye ko ahubwo bokwogana kugira baziganye amazi.


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact