Muruyigi Uburozi butangaje abasuma bahagurukiwe
Ruyigi: yashoye ibitoke yivye vyanka kumuva ku mutwe none ari mu minwe y'igiporisi
🙊 Hari umugabo ava ku mutumba wa #Ndago muri komine ya #Nyabitsinda yafatiwe mw'isoko rya #Ruyigi. Uko vyamugendeye, yashoye ibitoke bitanu yivye, bugingo abadirigiza bamwegereye ngo babimurangure aratura vyanka kumuva ku mutwe, n'abandi baramufasha kubitura, aranaryama hasi ariko vyanka kumuvako baca bahinyura ko ari vyo yivye, yoba yafashwe n'urugombeko
📞 Bahavuye baca ku nimero ya terefone baramutabariza kwa nyene vyo ngo aze abimukureko. Yahashitse asanga yamaze gushikanwa mu minwe y'igiporisi. Ariko mwene kwibwa ashitse vyahavuye bikunda arabishira hasi maze arafungwa
📌 Imvo yoba yamutumye kwiba ngo yari yishakira agatike kazomushikana i #Tanzania
🤷🏾♂️ Nyene ivyo bitoke we, ngo yabonye aguma yibwa aca yiga ubwenge bwo kurondera ubudahangarwa yifashishije umuti w'ikirundi
Tags
Amakuru