Imana ishimwe Ariella Irakoze agiye kwivuza muri Kenya.



Mu kanya gaheze Moïse na Ariella buriye indege ibashikana i Nairobi muri Kenya aho Ariella agiye kubandanya avurirwa. Abaganga bamuhanuye ko yonyaruka kuja kwivuza kubera kirya kivyimba afise mu maso cabandanya gikura. Uko haca umwanya ataravurwa niko ibintu vyaguma biyangara.

Ejo kuri runo rubuga twarabahaye ubutumwa bubabwira ingene urugo rwa Moïse na Ariella rwahuye n'iki kibazo kitoroshe rukuri rushasha. Muri benshi cane mwaciye mwitaba akamo ko kubashigikira, mwiyongera ku bandi bari bamaze imisi itatu babikora. Imana ibahezagire mwese muriko muragira ico mufasha. 

 Hari benshi bagumye bandika ko vyabagoye guterera baciye kuri Lumicash kubera itemera ko ku musi harungika abarenga batatu. Mwari mwansavye ko nomenyesha uwo muryango ko borondera "carte agent" kugira bikunde ko mubaterera muri benshi. Ubutumwa bwarashitse. Ng'ubu ubutumwa bwavuye mu muryango :

"Ubutumwa mushobora kubushira kuri Lumicash y'uwu muntu adusigaraniye umwana, buzodushikira ata ngorane :

68 909 145 kaneza Nadege

Canke code agent ni

122075 GATEKA CORNEILLA"

WhatsApp ya Moïse Ruberintwari : +25779132806

 Abari hanze bashaka gushigikira uwo muryango bo babandanya guca kuri GoFundMe :

https://gofund.me/03aa0ae3?fbclid=IwAR1qrqFxpX2sgbKJSRASZeOyrZuFXm7VSpfdWDMLXO_2bADdsunC3jU1QV0


Uru rugo turugumize mu masengesho yacu. Ikiganza c'Uhoraho kibagumeko, Imana ibatabare mu bihe bitoroshe barimwo.

Moïse Ruberintwari na Ariella Irakoze bubakanye muri mukakaro 2022. Inyuma y'amezi abiri gusa bakoze ubugeni niho babona agahere mu ruhanga rwa Ariella, ka gahere gatera gakura kavamwo ikivyimba cahavuye cuzura mu maso hose. Ariella ubu ntakimenyekana. Naho biri gutyo, Imana iherutse guha ikibondo uwo muryango, akana karamaze amezi abiri. 


Abaganga balenyesheje ko Ariella adashobora kuvurwa mu Burundi, baca basaba ko anyarukanwa muri Kenya, mu bahinga bavura cancer. Inyuma y'igihe yari amaze mu bitaro CMCK mu Kinindo, uyu musi Ariella Irakoze yuriye indege imujana muri Kenya, agiye aherekejwe n'umushingantahe wiwe. Ibi bintu bisaba uburyo bwinshi cane, abarundi batari bake baritanze kuva bumvise ivyashikiye uyu muryango.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact