Kayanza: muri komine Kabarore umuhungu yishe se "bapfa amatongo"

Iryo bara ryaguye kuri uyu wa 24/10/2023 ku mutumba wa Mugera, aho umugabo w'imyaka 30 yahitanye umupanga atemagura se amuvyara kw'izosi no mu mutwe. Uwo mutama w'imyaka 50 yahavuye yitaba Imana yashikanywe kwa muganga

Nsaguye Jean Berchmas Musitanteri wa komine Kabarore avuga ko intandaro yiyicwa ry'uwo mutama ari amatati y'amatongo

Umuyobozi wa komine Kabarore amenyesha ko nyene ugutema se wiwe yamaze gushikanwa mu gisagara ca Kayanza kubazwa n'inyamiramabi

Musitanteri wa komine kabarore agaheraheza avugako uvyabana bica abavyeyi bitahora bivugwa mwikomine ayoboye

⁉️ Mbega wewe ubona wokwica umuvukanyi canke umuvyeyi ngo ni kubera amatati y'amatongo ?


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact