Ngozi: umukenyezi yitavye Imana ahitanywe n'instinga z'umuyagankuba zari mw'ivu ry'umurima



Kur'uyu wa 14/10/2023, umukenyezi yariko ararima muri quartier #Shikiro mu gisagara ca Ngozi, mu murima ahasanzwe haracishijwe intsinga y'umuyagankuba mukuzimu. Nya murimyi yahavuye akora kuri nya tsinga atazibonye, bimuviramwo kwitaba Imana 

🔌 Aho muri karitiye Shikiro, hakaba hibonekeza abarahuriranira umuyagankuba bakoresheje ijanisha ry'intsinga z'umuyagankuba ridashemeye, ibikorwa vyiyamirizwa na Dr Ir Major Jean Albert Manigomba, Umuyobozi mukuru wa Regideso Burundi: "Uwushaka gushira umuyagankuba munzu iwe yokwisunga ico umuyagankuba uzokoreshwa. Ahazocomekwa ivyuma vyo gukinjika nahazoshirwa amatara asanzwe, intsinga ntizinganya ubunini (section) n'ubukomezi." Akongera ko "bidahanuwe gucisha udutsinga munsi y'ivu, kuko bizana amasanganya menshi"

Mu kwiyamiriza irahuriranira ry'umuyagankuba, Umuyobozi wo Regideso agahanura abipfuza gushira umuyagankuba mu mazu "kurondera abahinga bavyize. Na none, harakenewe kujaho urwego rwabakora ivy'umuyagankuba (ordre des électriciens), kugira ngo hamenyekane abahinga bakora ivyumuyagankuba n'amategeko abagenga kuko hariho abapfa ivyo bakoze bikazana amasanganya y'ubusa'

👀 Woba nawe umaze kubona isanganya ryavuye mu kutamenya gutunganya neza ivy'umuyagankuba?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact