✍️ Iryo sanganya ryabereye ahitwa mu Kiryama, urenganye gato i Mugutu, ni muri komine n'intara ya Gitega, aho igikamyo gisanzwe gitwara igitoro cariko kirava i Gitega kigana Muyinga, cata inzira kirwa mu mwonga, gihutaje abari biyunguruje n'imoto.
💬 Nk'uko abari aho bavyigana, nta muntu n'umwe yahasize ubuzima uretse umwe yababaye cane amagufa akaja hejuru, n'imoto yononekaye.
👉 Ayo makuru nyene avuga ko iryo sanganya ryoba ryavuye ku muvuduko munini iyo kamyo yari iriko mu gihe muri ako gace hasanzwe hari n'ikorosi.
Amafoto
![]() |
Photo Aho niho catembagariye imana irakinga |
![]() |
Photo igaragaza Isanganya |
![]() |
Photo Imana yakinze kuko ntamuntu yapfuye kiretse uwakomeretse |
☝️ Tubibutse ko muri iryo barabara nyene RN12, ata kwezi kwari bwahere habereye irindi sanganya aho igikamyo cari kizanye igitoro, cahiye kiratokombera.
Tags
Amakuru