Gitega - Igikamyo gitwara igitoro cagize isanganya, kigirako kijaniranya n'abariko biyunguruza ku moto..



✍️ Iryo sanganya ryabereye ahitwa mu Kiryama, urenganye gato i Mugutu, ni muri komine n'intara ya Gitega, aho igikamyo gisanzwe gitwara igitoro cariko kirava i Gitega kigana Muyinga, cata inzira kirwa mu mwonga, gihutaje abari biyunguruje n'imoto.



💬 Nk'uko abari aho bavyigana, nta muntu n'umwe yahasize ubuzima uretse umwe yababaye cane amagufa akaja hejuru, n'imoto yononekaye.

👉 Ayo makuru nyene avuga ko iryo sanganya ryoba ryavuye ku muvuduko munini iyo kamyo yari iriko mu gihe muri ako gace hasanzwe hari n'ikorosi.

Amafoto

Photo Aho niho catembagariye imana irakinga

Photo igaragaza Isanganya 

Photo Imana yakinze kuko ntamuntu yapfuye kiretse uwakomeretse


☝️ Tubibutse ko muri iryo barabara nyene RN12, ata kwezi kwari bwahere habereye irindi sanganya aho igikamyo cari kizanye igitoro, cahiye kiratokombera.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact