Ntahizaniye,Umunyeshure agira gatandatu w’umurundi yaraye apfiriye mu gihugu c’uburusiya



Ibiro BBES muvyo bijejwe harimwo gukurikirana abanyeshure b’abarundi baja kwiga hanze vyaratangaje urupfu rw’umunyeshure Melchior Ntahizaniye yaramaze imisi arwariye mu gihugu c’uburusiya. Uwo munyeshure akaba yapfuye kuwa 15 Gitugutu 2023 ariko indwara yamuhitanye ikaba itamenyeshejwe gushika ubu.


Umuhisi Melchior Ntahizaniye aciye aja ku rutonde rw’abanyeshure batandatu b’abarundi bamaze gusezera isi bari kwiga mu gihugu c’uburusiya kuva mu mwaka wa 2019.


Urubuga rw’ikinyamakuru Yaga rwarashize ahabona amazina atandatu y’abanyeshure b’abarundi bamaze gupfira mu Burusiya kuva mu 2019 gushika mu 2023, Abo n’abo ni:

1.Prosper Harerimana (2019)

2.Egide Nkengurutse(2020)

3.Jolivet Makoroka (2020)

4.Prosper Hitimana (2021)

5.Salathiel Ndayiziga (2021)

6.Melchior Ntahizaniye(2023).

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact