Umumenyereza wa Real Madrid yahawe Impamyabushobozi y'ikirenga, ateguza abakinnyi



Carlo Ancelotti usanzwe amenyereza ikipe ya Real Madrid yahawe Impamyabushobozi y'ikirenga(ikomeye) muri Kaminuza ya Parma y'Iwabo mu Butaliyani, amenyesha abakinnyi ko bazaja bamwita Doctor

Uyu mugabo ari mu batoza beza kw'Isi kugeza ubu, ibirori vyo guhabwa iyo mpamyabushobozi vyabaye ku munsi w'ejo kuwa 3 tariki 11 y'ukwicumi 2023. Iyi mpamyabushobozi yayihawe inyuma y'uko ahejeje amashure ya 'Sciences and Techniques of Preventive and Adapted Motor Activity'.

Mwijambo Carlo Ancelotti yagejeje ku bari bitabiriye ibi birori yashimiye inshuti ze, umuryango we anavuga ko abakinyi bo muri Real Madrid guhera ubu bakwiye kumwita Doctor aho kumwita umutoza. 

Yagize ati "Sport yambereye ishure rikomeye ry'ubuzima. Bamwe bavuga ko nakoze ibibazo bike; mu vy'ukuri nafashe vyinshi kandi buri minsi itatu nafata vyinshi".

“Nzobwira abakinnyi banje bazoze baranyita Doctor aho kunyita umutoza, inguvu z'umupira w'amaguru ntabwo ari umuntu ku giti ciwe ahubwo ni ku bantu bakorera hamwe. 

Ntabwo ari akazi, ahubwo ni ishaka ryinshi, ryatumye nitangira umupira w'amaguru imyaka 44 kandi ni ibintu udashobora kugura kwisoko".

Carlo Ancelotti yahawe iyi mpamyabumenyi ari kumwe n'abatoza bahoze batoza AC aribo Arrigo Sacchi na Ariedo Braida. Uyu mutoza w'imyaka 64 afite Champions League 4 nk'umutoza ,yatwaye igikombe cya Premier League atoza Chelsea ndetse n'ibindi bikombe bitandukanye.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact