Birateye ubwoba Imodoka yari iduganye ibinyobwa vya Brarudi mu ntara ya Bururi ihejeje kugira isanganya



 Hari imodokari yari iduganye ibinyobwa vya Brarudi mu ntara ya Bururi ihejeje kugirira isanganya muri zone Buruhukiro , ni muri komine n'intara ya Rumonge.

🤌🏿 Iryo sanganya rikaba ryabereye neza na neza ku mutumba wa Gitwe urenganye gato ishamba rikingiwe rya Ngongo , nk'igihe c'isaha cumi n'imwe z'umuhingamo.

👉 Amakuru ava mu baba mu gace ahabereye iryo sanganya avuga ko "iryo sanganya ryoba ryavuye kw'iyononekara ry'ibarabara ry'igihugu nomero 16 igice ca Rumonge-Bururi".

👏 Imana ikaba yakinze ntihagira umuntu n'umwe yahasize ubuzima, ariko inzoga zitari nke zikaba zamenetse. 

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact