Menya umuti uvura indwara yo gusobaa ku buriri .Ese wari uziko n'abantu bakuze bibashikira nimba vyarakubayeko raba ikibitera numuti ubivura

 


Tumenyereye ko abana bakiri bato aribo bakunze gusoba kuburiri bagatangura kubireka mu myaka 5 ariko iki kibazo co kunyara ku buriri hari igihe kirenga ugasanga umuntu abaye mukuru akinyara ku buriri. Muri iyi nkuru turabereka umuti uvura indwara yo gusoba Aho uryamye.

Muvyo  Ubushakashatsi bwakoze , bwasanze10% vy’abana bisobako baryamye ndetse bakanabikurana.

kenshi ku bana bato ,ubwonko buba butaragira ubushobozi bwo kubasha kugenzura imitsi n’ibihimba vy’umubiri muri rusange ,arivyo bituma n’agasaho kumwanda muto adashobora kukagenzura ngo abashe kwihagararako .Kunyara ku buriri biba ku bantu bose ariko cane cane igitsina gore nicyo kibangamirwa.

Ese ni ibiki bishobora gutera kunyara ku buriri haba ku bana cyangwa ku bantu bakuru?

1.Mubisanzwe umubiri usohora umusemburo witwa “ADH=anti diuretic hormone” utuma umubiri ukora inkari nke,ahanini umubiri urekura uyu musemburo cane cane iyo umuntu asinziriye bityo ubushake bwo gusobagura bukaba buke.Ku bantu badafite uyu musemburo akenshi basoba Aho baryamye.Desmopressin(soma de-si-mo-pre-si-ne) ni umwe mu miti ikoreshwa mu kongera uyu musemburo mu mubiri.

2.Kunyara ku buriri bishobora guturuka ku ruhererekane ry’umuryango(hereditaire)

3.Abantu bagona bakunze no kunyara ku buriri


4.kubantu bakunze kugira ubwoba canke bakareba nka filime ziteye ubwoba ,bibongerera ibibazo vyo kunyara ku buriri.

5.Ku bana bari hagati y’imyaka 5 na 10 ,kunyara ku buriri ,bishobora guterwa n’uruhago ruto ruba rutarakura ndetse ngo rugire n’ingucu zikomeye zogufunga inkari umwanya munini,nanone gusinzira igihe kirekire nabyo bitera kunyara ku buriri Ndetse nokurota biratuma basanga bisovyeko.

6.Indwara z’imitsi (gususumira ,pararizi) navyo ni ibitera kunyara ku buriri.

7.Kanseri ya prostate canke kwiyongera ubunini kwa prostate 

8.Kubaga umugore imwe mu myanya myibarukiro bishobora kwangiza imitsi n’imikaya bigira uruhara mu kubika inkari cyangwa kuzisohora hanze .

9.Abagore bamaze kuja muri menopause  bahura n’ikibazo k’igabanuka ry’umusemburo wa oestrogene ,uyu musemburo utuma imikaya y’uruhago ikomera ikabasha gufunga inkari.


-Umuntu afise ikibazo co kutituma neza (Constipation) bituma umwanda uri mu mara utsindagira cane uruhago bityo bigatuma rukarekura inkari vya hato na hato.  

Nguyu umuti ushobora kugufasha guhagarika kunyara ku buriri Haba umwana canke uwukuze.

1.Kudafata ivyo kunywa mu gihe c' ijoro sivyo bikuraho kunyara ku buriri,ahubwo bisabwako mukuja kuryam vyoba ngombwako uja kwitunganya hakiri kare.

2.Irinde ibinyobwa birimo caffeine kuko ubwayo ibarizwa mu bwoko bw’ibinyobwa bitera umubiri gusohora amazi menshi(diuretic),ituma umuntu ashaka gusoba kenshi.

3. Kwirinda inkomoko ya constipation iyo ariyo yose

4.Hari utwuma ushobora gukoresha  dusona iyo duhuye n’ahantu hose hatose ako kanya umuntu agahita akanguka akajya kwihagarika (moisture alarm).

5.Kugabanya umuvyibuho urengeje

6.Gufata intungamubiri ya magnesium bifasha imitsi n’imikaya gukomera muri rusange iboneka akenshi mu bijumba n’ibitoki.

7.Alcool(inzoga )nazo ni kimwe mu bintu bituma umuntu ashaka kwihagarika kenshi,bigabanye canke ubifate kare imbere yuko uja kuryama.

8.Kurya chocolate navyo vyongera cane kunyara ku buriri kuko nyinshi zibamo caffeine.

9.Ibinyobwa bibamo gazi nka za fanta canke inzoga zizana urufuro nazo ni mbi ku muntu unyara ku buriri.

10.Desmopressin ni umuti ukoreshwa mu gutuma imisemburo igabanya inganoy’inkari yiyongera.

Mu buzima busanzwe kurekera kunyara ku buriri birijana ,akenshi ku bana benshi  bureau kwisobako ku myaka 5-6.Iyo umwana yisobako  kumyaka irenzeho gato kugeza nko ku 8 ni vyiza kwegera umwana ukamwibutsako akwiye kwitegura imbere yuko Aja kuryama ndetse ukanamurinda ibyo kunywa twavuze hejuru mugihe c'ijoro kandi  bimushikiye  ntumuhane canke ngo umubwire nabi,ku myaka 8 kugeza kuri 11,kumwambika akuma gasona kumvise ibintu bitose cg gukoresha umuti wa desmopressin vyomufasha,ku myaka 12 kuduga umuntu atarareka kunyara ku buriri ,ni vyiza kugana muganga akamusuzuma iyindi mpamvu ibitera muzo twavuze haruguru kugirango hafatwe izindi ngingo

Murakoze kubana natwe nimba  wafashijwe nivyo tubashikiriza urashobora kugira ico utereye mukugira partage .

Shishikara mudukurikirana,gira amagara meza, ururubuga ruhari kubanyu mukubashikiriza ibifasha benshi mubuzima bwaburimunsi.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact