Bujumbura: umwana ari mu kigero c'imyaka 3 yakomeretse agonzwe n'imoto, uwamugonze aca agerageza kwiruka yanka kumujana kwa muganga abanyagihigu bamujako n'ingumu n'imigere



Hari mukanya gaheze nk'igihe c'isaha 12 n'igice (18h30) neza na neza kw'ibarabara bita Kuryamatafari kuri uyu mugoroba wo kuri uyu wa 01 #Munyoyo 2023. Uwugendesha imoto amaze kubona iryo sanganya akaba yaciye agerageza kwiruka abanyagihigu baca bamwirukako bamufashe bamurengerako bashaka kwihanira, ariko abandi baratabara

Nk'uko tuvyiganirwa n'abari ng'aho aho iryo sanganya ryaba, ngo uyo mwana yarikumwe n'abandi bariko bajabuka ibarabara, niho uwo agendesha imoto yamucako kubera yariko agenda n'umuvuduko munini, amaze kumucako umwana agakumbagara, uwo agendesha imoto yameze nk'uwuhagarara gato ariko aca avumbura imoto yiruka ariko abandi bamujako baramufata

 Nk'uko babandanya babitwiganira ngo bamaze kumufata niho bamusaba gutwara uwo mwana kwa muganga hakiri kare, uri uwundi aranana bakamwinginze kuva kera niho abavyeyi baba muri iyo micungararo bafatwa n'agashavu baramukubita ariko abandi bari aho hafi baca baratabara ibara ritararwa, umwana nawe baca bamunyarukana kwa muganga

 Yaba ababa ngaho hafi canke abasanzwe bahakorera imirimo ya minsi yose baragiriza abo bagendesha amamoto ko bagenda n'umuvuduko munini kandi iryo barabara ricamwo abantu benshi cane, bagasaba ababijejwe ko bobafasha hakiri kare ibara ritararwa

Didace Nibizi, umukuru wa karitiye Nyabagere nawene aremeza ko abagendesha amamoto kuri iryo barabara bagenda n'umuvuduko munini bikama vyateje amasanganya, agira ati: "Twama twakoze amanama menshi tubahimiriza kugenda bukebuke ariko vyarananiranye, twaranditse n'amanimero y'imoto zabo barabaca amande ariko ntacahindutse, ubu rero twarabishikirije abadukurira mu ntwaro turarindiriye ingingo bazofata"


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact