Wa mumenyeshamakuru Égide Ndayisenga aherutse kwitaba Imana yashingurwanye iteka .



Inyuma y'imisa yo gusabira umuhisi Égide Ndayisenga yari umumenyeshamakuru akaba n'umuyobozi wa #RSF_Bonesha_FM , yashingurwanye iteka ku Mpanda kuri uyu wa 21 munyonyo 2023. Yavutse ku wa 07 myandagaro 1988 akaba yitavye Imana ku wa 13 munyonyo 2023. 

Mu majambo yashikirijwe yashimikiye ku butwari n'ubukerebutsi, umubano mwiza, ubwitonzi n'ubwira vyaranze nyakwigendera kuva mu buto gushika arangize urugendo rw'aha kw'isi . 


Amajambo yaremesheje abari baje ku muherekeza ubwanyuma, n'uko naho yarwaye akanya gato , yagize amahirwe yo kuvugana n'umukozi w'Imana maze arihana abona gusezera isi . 

Gabriel Rufyiri , umwe mu bari baherekeje ubwanyuma Égide Ndayisenga , yamenyesheje ko umuhisi atari uw'umuryango gusa ahubwo ngo yari uw'igihugu aravye ubutwari n'ukuntu yitanga. 

Mu majambo yaherejeko yagize ati: "Muri bibiliya , mu vyahishuriwe Yohana 14:13 havuga hati hahirwa abapfa bapfira mu Mwami kuko ibikorwa vyiza bakoze bibaherekeza". Arongera ati : "kuri uyu munsi turashobora kuvuga amajambo meza cane ariko ikizonezera cane Égide Ndayisenga aho ari ni uko uyu mutima twowereka umuryango asize . Nimba ata kazi umupfakazi afise tumufashe, tumube hafi ntibe ivyo ng'aha gusa . Nimba agafise nahonyene, igihengeri Égide asize ni kinini rero nitwerekana urukundo twari dufitaniye n'umuhisi , nta nkeka aho Égide Ndayisenga ari bizomunezera." 


Tubamenyeshe ko nyakwigendera yaherekejwe , hampande y'umuryango w'amaraso , incuti n'ababanyi , abamenyeshamakuru n'amashirahamwe yabo hamwe n'amashirahamwe asanzwe afasha ibimenyeshamakuru bari baserukiwe ku bwinshi.


Égide Ndayisenga asize umupfakazi n'umwana w'imyaka 2 .


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact