Yaciye yiyahura :Uyo mukobwa vyavuzwe cane ko yoba yiyahuye kubera uwo bagire bakorane ubukwe yari amuhevye?





Uyo Umukobwa afise imyaka 20 akaba yahora aba muri quartier shikiro mu gisagara ca Ngozi, kuri uyu wa 2/11/2023 mu gatondo isaha zibiri n'iminota 15 bamusanze mu cumba ciwe yenena ku gitembe yari yaziritse kwidirisha yamaze gupfa.  

None uwo bahevye umutiyoca yiyahura Koko? Raba ivyabashakashatsi babivugako

Ubushakashatsi bwakozwe na bamwe mubahinga kubijanye no guhebana mu nkundo cank mu ngo,berekana ko Kenshi uwihevye uyundi aba yaronse uwuhuye n'amarangamutima yiwe yari afise kuva mu bwana ariko kubwo gutinya agaca apfa Kuba araruhukira kuwo azoheba bivanye n'ukumuhitamwo yisunze agakuku no kwibaza KO atoronka wawundi ahuye n'ivyipfuzo vyiwe.Aho biyobereye Kenshi umwe yirukiye Asanga nawe afise uyundi yipfuza agapfa Kuba araharuhukira uko uko uko......niko ibice 87 kwijana vyubatse mu rukundo,ni vyo bituma uwuri mu rukundo bitamuzibira kumva muri we yokundana n'uyundi ariko agafatwa n'ubumuntu bwiwe,Nico gituma abatagira Ubuntu bama bayerereza imitima(kugenzitima). Ndabibutse KO umutima w'umugore wo ntukunda abagabo 2 utuma uhenda umwe ariko ukimukira ahandi,bakunze barakunda no kwiyorobeka kuwo badakunda barabishobora icarimwe kuko bafise impano yo gukorera ibintu vyinshi icarimwe batihenze.(Tuzobigarukako). Nico gituma Kenshi Iyo bahebwe nuwo bakunda vyukuri rero baca biyahura canke bakononekara mu bwonko. 

Ubwo weho nturi murukundo ,ubwo wewe ntivyoshobora kugushikira ? Mubuzima bwurukindo Ubu ivyo ni bimwe muvyibonekeza kenshi guhemuka nuguhemukirwa biratuma abantu benshi nagira ibibazo bitandukanye mubuzima .igikenewe cane nugusenga imana ikaguha uwo wipfuza kndi mubihuriheko , ntabindi buhinga buhari bwo kwirinda guhemukirwa ,guhemuka naho ntukabikore kuko niwabikora nawe bazo bigusubiza.

Abavuga ko Ari akaroge wew ubifaata gute? Canke Abo bashakashatsi baratumutse? Weho kubwawe ubibona gute intererano yawe irakenewe.


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact