Hampande yo kwibwa amafaranga yaraye ahatswe kuhasiga ubuzima.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 2 Munyonyo 2023, mu gisagara ca Bujumbura, komine Muha zone Musaga, umu "agent" wa Lumicash, Lydia Nduwayezu, yaraye ahatswe kuhasiga ubuzima.

Nk'uko ababibonye bavyemeza, haje imodoka irimwo abantu 2, bamusaba kurungika amafaranga 620000Fb ( dépôt). Aho bomuhaye amafaranga igikorwa giheze, baciye bamugonga ku maguru imodoka barimwo imukwega mw'ikaburimbi, niko gukomereka aca ajanwa mu bitaro ubwo nyene.

Abari ng'aho baguye mu gahundwe bibagira no gufata imparati y'imodoko yakoze ubwo bubisha. Basavye ubufasha muri "service clientèle" #Lumicash basabwe igipapapuro kiva mu giporisi bita "réquisition" kugira abakoze ubwo bubisha bafatwe bongere bahanwe.

Aho iwanyu hari aba "agent" ba Lumicash canke Ecocash bamaze kwamburwa muri ubwo buryo?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact