Bururi: Batonze gukora ikibazo none baraye mu gasho raba video


Abo bapfunzwe ni 13 bagizwe n'imisore 12 hamwe  n'umwigeme 1 bari mu mikangara yari iramutse ikora ikibazo kibarekurira kwinjira mu bisongerezi mu giporisi mu ntara ya #Bururi kuri uyu wa 11/12/2023.

Bagisuzuma ibibaranga, abajejwe umutakano bakoresha ico kibazo basanze iyo mikangara  karangamuntu zabo zisibanganije bamwe ku mazina abandi ku myaka yabo baca barahagarikwa ubu bakaba bapfungiwe mu gasho ka komisariya y'igiporisi i Bururi

Col Albert Ntirampeba yaje guhagarikira ico kibazo aserukiye ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo umutekano yamenyesheje ko ivyo babikora kugirango bakwize ibisabwa vyo gukora  ico kibazo naco kikaba ari icaha gihanwa

Urundi rwaruka rwipfuza gukora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu nzego z'umutekano rusabwa kwirinda kugwa muri uwo mutego kugirango ntibikwegere ibihano


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact