Ku mutumba wa #Rugeyo, mu gacimbiri #Mukarankwa, zone #Ntamba, muri komine #Musigati, imvura yaguye mw'ijoro ryo ku wa 22 Ndamukiza 2024, isaha indwi yarabomoye inzu y'umuryango, ihitana abana 3 baciye bapfa, 4 barakomeretse harimwo nyina wabo
🙌🏾 Musitanteri wa komine Musigati ati: "Uwo muryango urakeneye ubufasha buhambaye kuko ata kintu na kimwe barokoye, vyose vyaguweko n'impome, n'amabati akaba ataco bazorokora"
Serugo igihe haba iryo sanganya siho yari, yari yagiye kwisumamwo
✝️ Komine n'intara ikaba yafashije mu gushingura abapfuye. Ababanyi b'uyo muryango nabo basabwa gufasha mu kuronsa uburaro uwo muryango
Komine ikaba izofasha mu kuvuza abari mu bitaro, yongere ibashishe ibisakazo. Hamwe boronka aho babakira indaro, komine yoriha fagitire", nk'uko vyemejwe na Musitanteri
Tags
Amakuru