Hari kumuhingamo nkuko muvyibinera aho i camion yari itwaye umusenyi yacitse amafire maze ihitana imodoka zitanu zari zihagaze muri iryo barabara iyo camion yariko iracamwo
Iryo sanganya ryabereye ahitwa ku munanira utera uva mumabanda winjira muri Tanzanie ariko amakuru duhabwa nababonye iryo sanganya nuko atamuntu yahasize ubuzima kubera yuko izo modoka zose zitanu nta bantu bari bazirimwo ahubwo zar ziparitse ukonyene
Banyenezo bivugwa ko bari bafashe urugendo berekeza mur Tanzanie ariko ngo bari bavuye mumamodoka bagiye kuraba ico boshira munda
Mbere nu mudereva wiyo camion ngo yabaye bukomereke ariko bamujanye kumuvuza bivugwa yuko azomera neza mumisi iri imbere
Bagenzi Imana yakinze koko.
Tags
Inkuru