Yashurashuje umwana w'imyaka 9

 Ngozi : umugabo w'imyaka 58 amaze iminsi 5 mu gasho inyuma yo gushurashuza umwana w'imyaka 9


 Ku wa 17 Ndamukiza 2024, ni ho uyo mugabo w'imyaka 58 yashurashuza umwana afise imyaka 9 asanzwe ava ku mutumba Nzove muri komine #Mwumba intara ya Ngozi amwemereye kumuha amafaranga



Abamenye ivyabaye baciye bafata uwo mugabo bamushikana ku nyamiramabi kugira ngo abandanye akurikiranwa n'ubutungane,  umwana nawe ajanwa kwa muganga aho ibipimo vyemeza ko uwo mwana yakorewe ayo mabi 

Abaganga bakira kandi bakavura abana canke abakuze bashurashujwe bavuga ko uwahuye n'izo ngorane ashobora kwandura ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka, gutwara imbanyi atipfuza canke ubundi bumuga "ari na co gituma uwakorewe ayo mabi yoca abangukanwa kwa muganga imbere y'amasaha 72 bakamukingira ingwara zose yoba yandujwe n'uwamufashe ku nguvu cokimwe n'inda atipfuje mu gihe ari umwigeme ari mu bigero canke umupfasoni"

Abaharanira agateka k'abana muri Fenadeb i Ngozi bamenyesha ko muri uku kwezi kwa Ndamukiza kwonyene abana 5 ari bo bamaze kumenyekana  ko bashurashujwe canke bakorewe ibikorwa bitumbereye kubashurashuza (tentative de viol) muri iyo ntara 

Abo mu mashirahamwe aharanira agateka k'abana bagasaba ko umwana yahuye n'izo ngorane yovugwa ingwara zitandukanye harimwo n'izifatira mu mutwe kuko kenshi aba yakomeretse ku mutima no mu mutwe. Hambavu y'ivyo uwahuye n'izo ngorane yokwakirwa mu kibano ntibamukumire canke ngo bame bamutunga agatoke



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact