Uruhinja rwamezi umunani rwatowe kunkengera zikiyaga tanganyika bivugwako rwatwawe n'uruzi kanyosha mumvura iheruka kwonona iranatwara ibintu vyabantu

Hambavu y'uruhombo n'ibitigiri vy'amazu n'ibikoresho bihitanwa n'amazi ya Tanganyika, hari n'abatari bake bamaze kuhaburira ababo. Turabandanya na ya nkuru yatororokanijwe n'abanditsi ba Newlevel.



🌘 Mw'ijoro ry'itariki 9 zishira 10 Ndamukiza, inyuma y'imvura nyinshi, uruzi Kanyosha rwaramanutse rusanga Tanganyika yuzuye ruca rukatira mu mihana yo muri Kibenga_Lac. Aho nyene umwana w'amezi umunani yitwa Bryan Nyishuyimana yarahasize ubuzima.

🧑🏾‍🍼Umuvyeyi wiwe Evelyne Miburo, afise imyaka 30, nyina w'abana batatu harimwo nyakwigendera, yigana uko vyagenze ngo "bari basanzwe baba mu nzu ikiriko irubakwa iri ku nkengera y'urwo ruzi. Niko kwikangura bisanga mu kidengeri. Umukuba w'amazi n'ibihome vy'inzu bimwambura urwo ruyoya".


Ikiziga c'urwo ruyoya bagitoye inyuma y'imisi itatu, itariki 12 baca bagirako bamuhamba. Agahinda uwo muvyeyi asigaranye ni uko kubera atagira n'aho akika umusaya ata kigandaro bagize.

Fleurise Mugisha, afise imyaka 25, nawe n'umuryango wiwe imyuzurira yarabakozeko. Igihe cose imvura iguye, ngo "ni nkaho aba asogoswe mu mutima yibutse ko barara bahagaze bahanganye no kunigana n'amazi". Ubu amazi yararengeye, abavyeyi baba mw'ihoteri, nawe asavye indaro kwa mukuru we.

Gushika ubu abantu bashika indwi baramaze gupfa bariwe n'ibikoko biba biriko bihunga ayo ma

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact