Ikibazo c'isuku, umukuru w'igisagara ca Bujumbura yakiviriye hasi. Yategetse buri rupangu kugiriranira amasezerano n'amashirahamwe akura imicafu no kuriha ku mwanya. Amashiramwe nayo asabwa kwubahiriza amasezerano.
Intwaro n'igipolisi nabo ngo babijemwo gutyo igisagara kirangwe n'isuku.
Jimmy Hatungimana yasavye rupangu rwose rwokwama rwasukuye umufurege w'aho rugera.
Ikindi uwo arongoye igisagara ca Bujumbura yagarutseko mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa 15 Ndamukiza ni urudandazwa rw'imisigati(ibikaju) no kwotsa ibigori kw'ibarabara yasavye inzego abapolisi no mu ntwaro kubanda babituza
Ivyo mwumva hari akarusho bigiye kuzana?
Tags
Amakuru