Imodoka yo mubwoko bwa Hiace yahiye iratokombera

  Imodoka yo mu bwoko bwa Hiace ihejeje gusha iratokombera ariko Imana yakinze nta wahasize ubuzima

Ivyo vyabereye mu Buyenzi ku rya mbere, mu gatondo ko kuri uyu wa 24 Ndamukiza 2024

Nk’uko vyiganwa na nyene imodoka, iyo modoka ngo yahiriye aho yari irindiririye kwongererezwa ipepu z’amapine. Avuga ko atazi neza ico uwo muriro wavuyeko, yamenyesheje ko ahomvye cane kuko iyo modoka yamufasha mu rudandazwa rwo kwunguruza abantu baja mu gisagara hagati bavuye mu Buyenzi, n’abavayo bataha



Abari aho bakaba babangutse kumufasha kuyizimya, banamufasha gukuramwo ivyuma vyoshobora kugurwa bigakoreshwa

Umwe mu bari ngaho yikeka ko yoba yahiye kuko hari akamenyero mu Buyenzi ko gucomora udutsinga mu ma Hiace ngo bikunde ko ahaja igitoro haguka kugira banywe cinshi. Kubw’iwe ngo iyo bariko basubiza utwo dutsinga mu kibanza birashika ko babikora ukutariko, ahogiye ipepu (oxygène) hagasesekera igitoro gikeyi, hagaca haba "court circuit" bigatuma imodoka isha n’inyuma y’amasaha atari make ata n’uwuyikozeko mbere

Mwomenya ko ibaye imodoka ya kabiri yo mu bwoko bwa Hiace yunguruza abantu ihiye muri kuno kwezi 


Musomyi, kubwawe hokorwa iki ngo ayo masanganya agabanuke?



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact