Inyifato mbi yatumye umugwi ugwa mubibazo

 ⚽  Umugwi w'umupira w'amaguru #FC_Barcelona wahawe ibihano kubera inyifato mbi y'abakunzi b'uwo mugwi berekanye mu rukino rwariko rubahuza na #PSG

--------------------

😱 Ihadabu y'amafaranga ibihumbi 32.000 vy'amafaranga ya buraya (32.000 Euros), kutazogurisha amatike ku bafana w'uwo mugwi mu rukino ruzokurikira rwa #UEFA no kuvugana n'umugwi wo mu gihugu c'Ubufaransa Paris Saint-Germain mu minsi itarenze 30 kugira ngo batorere umuti ku vyononywe n'abakunzi b'uwo mugwi wa #Barcelona, ku kibuga "Parc des Princes" c'uwo mugwi wa PSG n'ibindi...

☝🏾 Ivyo nivyo bihano ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugane wa Buraya (UEFA) wahaye umugwi wo mu gihugu ca #Espagne #Barcelona kubera inyifato y'ivangura rifatiye ku rukoba ryerekanywe n'abakunzi b'uwo mugwi mu rukino rwayo rwa mbere bakinye n'umugwi wa Paris Saint-Germain mu nkino z'igice ca mbere gishira ica nyuma mw'ihiganwa rihuza imigwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) 


🎆 Iyindi nyifato itabereye abo bakunzi ba Barcelona berekanye, nk'uko tubisoma ku rubuga rwa #BBC ngo n'uko abo bakunzi b'uyo mugwi baracanye imiriro (feux d'artifice) bikaba vyaratumye ikibuga c'umigwi wa PSG cononekara


🤌🏽 Mwomenya ko mu rukino rwa mbere rwahuje FC Barcelona na Paris Saint-Germain rwarangiye ku bitsindo 3 vya Barça na 2 vya PSG, ariko mu rukino rwo gusubizanya Barça ukaba warakubiswe ibitsindo 4 kuri 1 


🙆🏿‍♀️ Ku bakunzi b'inkino, gutsindwa no guhabwa ibihano nk'ibi mwebwe mu bivugako iki ?


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact