Uwo muriro wadutse mu modoka yo mu bwoko bwa "Probox" kuri uyu wa 11/04/2024, aho iyo ngendeshwa yari ku murongo hamwe n'izindi zirindiriye guhabwa ibitoro
🎙️ Ababonye iryo sanganya bavuga ko umudereva yariko yigiza imodoka imbere yegera ahari ibitoro, aza abona umuriro uradutse
📌 Abari aho bose bagerageje kuzimya biranka, baca bashima guhungusha izindi ngendeshwa, imwe yafatwa irahava irasha iratokombera
💬 Abajejwe intwaro n'umutekano bavuga ko ata muntu yakomeretse canke ngo yitabe Imana. Amatohoza akaba abandanya kugira hamenyekane icateye uwo umuriro.
Tags
isanganya