Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaruguruye icese amazi yubakiwe abenegihugu

 

Burundi: Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaruguruye icese amazi yubakiwe abenegihugu bo muri zone #Mparamirundi, Komine #Busiga intara ya #Ngozi. Buramatari w'intara ya Ngozi akaba yashimye kw'izina ry'abenegihugu ku mazi meza baronkejwe mu gihe ata mazi meza bahora bagira. Umukuru w'Igihugu nawe akaba yahimirije abanegihugu kuyabungabunga ndetse utumirira abafise uburyo b'imvukira gufatira aho igisata kijejwe gukwiragiza amazi mu gihugu #AHAMR kigejeje nabo bakongerako amabombo canke ibigega vy'amazi.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact