Rutana: umugabo bivurwa ko yoba yimuriwemwo inda, abaganga bo barabihakana

 😂😂😂Rutana: umugabo bivurwa ko yoba yimuriwemwo inda, abaganga bo barabihakana...



🤰🏾Ayo amakuru y’umugabo afise inda yatanguye guhanahanwa cane kuri uyu 13 Rusama 2024, bivugwa ko yoba yatwaje inda umwigeme  arayihakana, none ubu niwe ayifise. iyo inkuru  yatanguriye ku mutumba #Museno muri komine #Gitanga, aho umusore yavuye hakurya muri Tanzaniya aho yari yagiye kurondera ubuzima ashitse ku muhana inda yiwe itangura kuvyimba bukebuke uko buca bukira ikaguma iduga


🏥 Inyuma yo kwitura ibitaro bitoyi ntibabone ingwara, bamurungitse ku bitaro bikuru vyo ku murwa mukuru w’intara ya Rutana. Kuva ubwo niho hatanguye kuvugwa ko Daniyeri afise  inda y’imvuka, bamwe mu bamwegereye bakavuga ko  n’ibipimo yakorewe vyemeza  neza ko uwo musore afise inda


🎙️Amakuru ava ku mutumba Museno aho uwo musore asanzwe avuka bavuga ko intandaro ya vyose ari uko uwo musore yoba yateye inda umukobwa w’umutanzaniyakazi maze arayihakana bene umukobwa niko gufata yanda bayimurira muri uyo muhungu bakoresheje amangetengete. Umwe mu batware baho yatwiganiye ko vyari bimaze gushika mu myaka y'inyuma, aho hari umusore bigeze kwimuriramwo inda kuko yihakanye uwo yayiteye, akaba yahavuye yishikana ku bavyeyi buwo mwigeme yemeye ibiganiro  babona ku yimukurako


🎤 Ku bitaro bikuru vya Rutana baremera ko bakiriye uwo musore ariko ivyuko afise inda ntibavyemeza. Batubwiye ko uwo musore afise indwara yamuteye kuvyimba inda. Mbere ngo batanguye ku muvura bakizigira ko azokira


 🎯 Yamara umwe mu batware bo ku mutumba #Museno we yatubwiye ko hoba hararungitswe muri Tanzaniya umwe mubo mu muryango wuwo musore kugira barabe uko botorera umuti ico kibazo


👀 Warumaze kumva uwo bimuriyemwo inda? Gira akajambo ubwiye imisore

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact