Gusambana:birengeye uko uvyiyumvira urakwiye kuvyirinda cane
IGITSINA si igitsina gusa ahubwo ni ihurizo ry'Imishaha. Iyo uryamana (uhuza ibitsina) n'abantu batandukanye, wimatanya n'Imishaha yabo. Imishaha yabo ishobora kuzana umwijima mu buzima bwawe. Imwe muri iyo mishaha iracereza canke ikabuza Imihezagiro yawe.
Rimwe na rimwe turagira ibintu bitamenyerewe, bibi kubera ko umubiri wacu wuzuyemwo Impwemu z'umwijima zitandukanye.
Ugasanga umuntu asigaye afise ishavu atamanye, kwishura nabi , wadukanye ingeso utahorana , intatsi ntaco ugikora ngo kije imbere kandi vyagora bikunda, wamana umujinya, gusimbwa umutima, ubwoba.....vyose utahorana kumve wabivunduruye mubo mwaryamanye.
➡️Igihe mwiruka ku muhungu yipfuza abakobwa benshi, muryamana n'abakobwa batandukanye kandi basambana n'abahungu benshi; gumya aka ku mutima wawe: *Igitsina si igitsina gusa ahubwo ni ihurizo ry'Imishaha*
Guhuza ibitsina n'abantu batandukanye bisigura ko umubiri wawe wuzuye amashusho atandukanye, agizwe n'imishaha myishi. Ntukiri wewe ariko ni abantu benshi muri wewe.
Ntibitangaje ko abenshi bateba kurongora, (rwa) igihe kimwe mu buzima bwabo, baryamanye n'umuntu afise imivumo y'imiryango. Rero umudayimoni niwe aganza uwo mubiri wawe.
Wirongoje canke urongowe 💍👨❤️💋👨 mu mpwemu zihumanye.
➡️Ubu rero, vyiyumvireko, uwo mwubakanye ni umwizigirwa; ariko ugiye kuryamana n'abandi bantu hama ugarutse kuryamana nawe; ivyo bica bituma uha uwo mwubakanye (umugabo canke umugore) izo mpwemu wavanye hanze. Ntiwiyumvira ko atamutima ugira? Ataco utinya canke wikunda mu kurenga ibigo?
Iyumvire ivyo ugomba ujemwo. Ntabukingirizo bwokingira umushaha wawe. Rero hitamwo uwo mwubakana, umugire umwami 👑🏤/ umwamikazi👑💍💅👸✊, igenzure hama umukorere vyiza. Ntuzopfa gihananuka .
Nari numva nobisigura cane, ariko birahagije. Mbega ukuri!
Abantu bakuze ni bo batahura ivyo mvuze.
Imana ibahezagire mwese!🙏
Tags
Amagara