Cibitoke : K'umugoroba wo Ku munsi w'ejo wa Kane igenekerezo rya 26 Gitugutu Ibara ryaraguye mu ntara ya Cibitoke.



Cibitoke : K'umugoroba wo Ku munsi w'ejo wa Kane igenekerezo rya 26 Gitugutu Ibara ryaraguye mu ntara ya Cibitoke.

Amakuru ava muri iyo ntara avuga Ko abantu 6 bakomeretse, inzu zirenga 580 zirasambuka,amashure 5 nayo araguruka eka n'imirima iratabagara,ibiti vy'amatara ya REGIDESO birahenuka.

Ibi rero vyatumwe n’imvura yari ivanze n'umuyaga mwinshi yaguye mu makomine ya #Buganda na #Murwi. Mu ntwaro ho banamenyesheje Ko ibi biharuro ari ivy’imfatakibanza kuko hari ibitaramenyekana neza.

Musitanteri wa Komine Buganda Pamphile Hakizimana yamenyesheje ko abakomeretse ari abana 4 Aho Melchiade Nzokizwanayo nawe avuga Ko abantu 2 aribo bakomeretse bakubiswe n’inkuba muri Komine Murwi.

Abo barongozi b'ayo Makomine rero basaba Amashirahamwe y'abagiraneza hamwe n'ababishoboye kubagarukirako mukubaronsa ibikenewe kugira ubuzima bw'abenegihugu bashikiwe n'ivyo vyago bubandanye.

Akavura kose Kari kibitse kaziriyeko.Basomyi mubona ibibintu tuza kubikora gute?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact