Umuntu umwe yaritavye Imana ku muhingamo wo Kuri uyu wa 26/10/2023 biturutse kw'isanganya ry'ipikipiki ryabereye mu Gatabo muri komine Kiganda intara ya Muramvya



Amakuru atangwa n'abenegihugu barangurira imirimo hafi y'ahabereye iryo sanganya avuga ko uwo yitavye Imana yariko anyonga ipikipiki yerekeza muri komine Rutegama aca asekana n'imodoka iriko yerekeza mu gisagara ca Bujumbura mu gihe yaragiye kurenga imodoka yari imbere yiwe yo mu bwoko bwa probox

Mu gisagara ca Gatabo harakunze kwibonekeza amasanganya. Abenegihugu co kimwe n'abajejwe intwaro bibaza ko vyoba bitumwa n'uko ata twa dusozi two mw'ibarabara bita Dos-d'âne tuhari ibituma abagendesha ivyuma baca bijajara bakagendera mu muvuduko munini

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact