Umukenyezi yanse kwonsa umwana wiwe kubera yacandazwe none arapfunzwe



Uwo umukenyezi ni uwo muri komine Gashikanwa intara ya Ngozi. Yanse kwonsa umwana wiwe w'amezi 8 kuberako ico kibondo cahawe urucanco rw'ubukangwe mw'isekeza ririko riraba ryo gucandaga abana   

Ngo yisunze ukwemera kwiwe, yanse kwonsa, abandi baramwinginga ararahira gushika aho apfugwa kuri uyu wa 24/10/2023. Abazi uwo mukenyezi bavugako igihe cose hageze isekeza ryo gucandaga ibibondo yaca ahungisha umwana wiwe akagaruka gucandaga vyaheze. Ariko ubuhoho ikibondo cacandazwe nk'uko bishikirizwa na Théophile Nibizi, musitanteri wa komine Gashikanwa 

🔸 Umwana nubwo yacandazwe ntarikumwe na nyina aho apfungiwe bikavugwako umwana yoba yajanywe kwa se amuvyara canke yajanywe n'abari baje kuramutsa uwo mukenyezi aho apfungiwe. Amatohoza yo kumenya abakuye uwo mwana hambavu yanyina bamenyekane arabandanya 

💬 Musitanteri wa komine Gashikanwa agahanura abenegihugu bose ayoboye kuvavanura n'ibintazi bagashira imbere amagara meza y'ibibondo mukubaha incanco zose zikenewe ku mwana.

✍🏾 Abaharanira agateka k'abana bakaba bariko bafasha kurondera uwo mwana kandi bibutsa ko kwanka kwonsa umwana ari ikosa rihanwa nko kwanka kwitaho canke kugaburira abana

Aho muherereye hari abatemera kuronsa incanco abana babo? kubera iki?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact