igitero ca hamas kuri islael palestine mukwihora islael

igitero ca Hamas kuri Israel n’ibitero vyo kwihora mu karere ka Gaza



Mu gatondo ko ku wa gatandatu, umuhari Hamas w’Abanyapalestina warateye Israel. Abanyapalestina bitwaje ibirwanisho bariteye muri Israel bavuye mu karere ka Gaza, mu gihe ibihumbi n’ibihumbi vy’ibisasu vya muzinga vyariko biraterwa ku butaka bwa Israel.


Mu kwihora Israel yaciye itangura gucucagira ibibombe mu Karere ka Gaza.

Ng’aya amafoto n'amashusho makuru makuru yafashwe n’abanyamakuru muri iyi ntambara ibandanya hagati y’izi mpande zibiri.




 Ku musi intambara itangura, hari ku wa gatandatu, ibisasu vya rokete bitari bike vyatewe ku gisagara ca Ashkelon kiri mu bumanuko bwa Israel, bihitana nibura abantu 40.

Abarwanyi ba Hamas bashoboye kwitera muri Israel. Iyi foto yafatiwe mu Karere ka Gaza: aba barwanyi bari bafise inkoho bariko batera baja ku rubibe.




Umurwi umwe w'Abanyapalestina wameneye ku ruzitiro ukoresheje tingatinga






Ibimodoka vy'intambara (chars de combat) vya Israel vyarafashwe mpiri biraturirwa





Igisirikare ca Israel caciye kirungika abasirikare n'ibirwanisho ku rubibe ihana na Libani mu kwicungera























Abarwanyi ba Hamas bafashe kandi n'imodoka ya gisirikare ya Israel baca barayitwara muri Gaza





Inzu yo muri Tel Aviv yarasambutse iguweko n'igisasu ca rokete catewe n'abarwanyi ba Hamas









Uwo musi nyene wo ku wa gatandatu, Israel yaciye itangaza ko yinjiye mu ntambara na Hamas






Ibarabara rikuru riri hafi y'igisagara ca Sderot ryari ryuzuye ibiziga vy'abapfiriye muri ico gitero cabaye giturumbuka c'abarwanyi ba Hamas






Kuva ku wa gatandatu, ibitero vya Israel kuri Gaza ni urutavanako. Iki ni igisasu ca misire catewe ku gisagara ca Gaza ku mugoroba w’ejo ku wa Mungu







Kimwe mu bitero vya Israel muri Gaza: inzu nyinshi zarabomowe







Inyuma y'iki gitero, Israel yaciye itegura ibitero vyo kwihora mu karere ka Gaza, aho vyahitanye abantu nibura 232 uwo musi, nk'uko vyatangajwe n'abategetsi ba Palestina



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact