Yarapfuye yongera arazuka Muntara yagitega

Yarapfuye baramuhamba none yasubiye kuboneka ari muzima

Ibidasanzwe mu ntara ya Gitega : Umuntu yari amaze igihe yarapfuye yabonetse ari "muzima"



Uwo mugabo "yazutse" avuka muri komine Itaba mu ntara ya Gitega. Yapfiriye muri #Sosumo mu ntara ya Rutana aho yari yagiye gupagasa.                                                                                          Umunsi apfa, umuryango wiwe ushigikiwe na komine baragiye kumushingurana iteka, hakaba hari haciye igihe kitari gito uwo muntu apfuye agahambwa, nk'uko amakuru atangwa n'abajejwe intwaro bavuganye na Mashariki_TV avyemeza.                                                                                              Kuri uwu w'Imana niho uwo "muzuka" yabonekanye mu rushengero rw'abaporoti rwo mu Rusange, commune Itaba.                                                                                                                                   Amakuru dufise avuga ko ab'iwabo bamubonye kandi baramumenya, nawe nyene arabamenya.

Muti yabamenye gute ?

Uwo vyari bizwi ko yitavye Imana abonye "Maman" wiwe yamumenye, aravuga ati uwo ni "maman", yongera aramenya "mushikiwe."

Muri komine Itaba bavuga ko uwo mugabo "muzuka" ariko arasengerwa.

Muti none « yarazutse » koko?

Bigirimana Angeline, umuvyeyi wiwe ntakekeranya: « Uno musore wanje yandurutse aja guca amafaranga muri sosumo mu ntara ya Rutana mu mwaka wa 2019. Inyuma y’umwaka, yaratashe, atubwira twebwe abavyeyi ko umukoresha yakorera yanse kumuhemba ». Niko kumuhanura gusubirayo akishuza, vyanse agataha.

Komine niyo yafashije ifubwa ryiwe

Mu mwaka w’2020, umuvyeyi ngo yagiye yumva bamuhamagara kuri terefone ko umwana wiwe Augustin yatwawe n’uruzi aca acikanira ku mutumba, ko bamurovye. Umuvyeyi yituye komine Itaba kugira imufashe gutahana ikiziga. Komine nayo ngo yaramwitavye, imuha umuduga, yongera imuronsa umuhanuzi ajejwe imibano n’akabahasha k’50.000 Fbu baragenda batora ikiziga ca Augustin, baramwoza, baramusiga, baramwambika, bashira mw’isandugu, barapfunga, bamufubana iteka.

None ngo minsi iheze yumvise abantu bamubwira ko babonye umuhungu wiwe mu Kayogoro mu ntara ya Makamba, muri Rutana hamwe no muri Itaba, ah’asanzwe avuka, ariko umuvyeyi arabura umuntu n’umwe yoja kumwereka ahari.

« Ni ibintu bishika »

Kuri uyu w’Imana 08/10/2023, abantu bagiye babona yinjira mu rusengero rwa Méthodiste Libre mu Rusange ku mutumba wa Gisikara. Abari ngaho niko guca bahamagara abiwabo. Abaravye yarashoboye kumenya mama wiwe na bamwe mu bo bavukana.

Gushika ubu, uyo musore aravuga ariko, yishura amajambo makemake. Uriko uramuganiriza bisaba kutamubazagiza ibibazo vyishi.

Bigirimana Angeline ati: « Ndanezerewe caaane kubona Imana yongeye kunyereka agahungu narimfise ari kamwe mu bakobwa 8. Sinumva uko noshima. »

Naho hari bamwe batangazwa no kubona « uwapfuye azuka », hari bamwe mu benegihugu bo kuri uyo mutumba bavuga ko bibaho: « Biva ku mangetengete y’abarozi bica umuntu bakamurabura maze bagaca bamuzura bakamukoresha ibikorwa mw’ijoro. Iyo rero bahuye n’uwo banganya ubuhinga canke bakisanga barihenze mu vyo bahinyanyuye, uwari yapfuye araheza akazuka. »



Uyomusore akaba yitwa Tuyisabe Augustin, afise imyaka 18 uharuriye aho yavukiye, yafubanywe iteka mu 2020 ku bufasha bwa komine, nk'uko biyagwa na nyina wiwe akamwemwe gasya: "Imana irampaye gusubira kubona umuhungu umwe mu bakobwa 8 navyaye"  INKURU YOSE AHA

Iyonkuru uyakiriye gute mbega weho ugiye ubona iwawe yarapfuye akagaruka wovyakira gute?

6 Commentaires

siga iciyumviro cawe ngaha

  1. Isi igeze kure,none nya muzuka wewe avuga ko yahorahehe,?

    RépondreSupprimer
    Réponses
    1. Yahora akora ibikorwa vyijoro knd ngo hageze kumuruango ntiyasubira kubona

      Supprimer
  2. Ubwo buhumvyi nibugeze ngaho, igihe c,izuka ntikiragera.!!!!

    RépondreSupprimer
  3. Bibiliya ivuga KO igihe kigeze abapfuye bazozuka Bose(Yohn.5:28,29).Non yazuy umuntu umwe?Hoho ntagira izina?Tange amakuru yitondewe.Ntimuduhende!

    RépondreSupprimer
    Réponses
    1. Niko bibiliya ivugwa arko mugihe ciherezo hazoba ibitangaza vyinshi

      Supprimer
Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact