Mu gihe yariko araroba mu kiyaga Tanganyika ari mu bwato bwiwe, umurovyi yagiye abona ifi itarutse ivuye mu mazi ica itarukira mu kanwa k'umurovyi azwi kw'izina rya Havyarimana. Iyo fi ikaba ariyo mu bwoko bw'ingege
Uwo murovyi ntaco atakoze ngo ayikwege ayikure mu kanwa ariko birananirana aratabaza na bagenziwe ariko ntivyakunda, arabura impwemu gushika acikanye
Uwurongoye umutumba #Gatete ahabereye ivyo Pascal Manirambona aremeza ivyo vyabaye ariko nawe akavugako adashobora kubisigura kuko ataho yari bwabibone
Uwo murovyi yarinze ahasiga ubuzima iyo fi ikiri mu kanwa kiwe nk'uko vyemezwa n'ababibonye bakavugako "ivyo vyabaye bifitaniye isano n'ibintazi"
Tags
Amakuru