Rwanda: umugore umwe abana nabagabo babiri biratangaje



Tumenyereye abagabo aribo barongora abagore barenze umwe, ariko ntitumenyereye kubona umugore aja ku bagabo barenze umwe.

Gusa mur'iki gihe abagore nabo basigaye barongorwa ku bagabo benshi. Akarorero gato ni FARASINE abana n'abagabo babiri.

Mu kiganiro yakoranye n'ikinyamakuru Afrmax English , FARASINE yashoboye kubana n'abagabo babiri yasobanuye inzira vyaciyemwo kugira ngo abatware.

Yagize Ati "Mu bisanzwe nabana n’umugabo umwe, twamaranye imyaka 6 tuvyarana abana 2, inyuma y'iminsi umugabo yarantaye aja gupagasa ntiyagaruka, namaze imyaka 3 ntamubona kandi yaransigiye abana. Aho niho naje kubona uwundi mukunzi wakora mu bucukuzi bw’amabuye y’agaciro, kuko ubuzima bwari bungoye twarabanye". 

Aganira na Afrimax, Umugabo wiwe wa kabiri Yagize Ati ” twahuye nkora mu bucukuzi bw’amabuye y’agaciro gusa sinarinzi ko afise uwundi mugabo, twarabanye hageze iminsi aza kubimbwira, vyarangoye gusa narriyakiriye turabana”. 

Inyuma y’umwaka babana, umugabo wa mbere yaragarutse, vyabanje kugorana gusa bose biyemeje kubana nawe. 

Kugeza ubu bose bavuga ko barara ku buriri bumwe kandi ko bakunda umugore wabo vy’agahebuzo, abana babafata nk’ababo bose. 

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact