Rutana: mwene iduka yagiye kwugurura ngo yinjire asangayo umugabo atazi yiyicariyeyo ariko yisomera utuyoga

 


📅 Vyabaye ku murango izuba riva kur'uyu w'Imana itariki 15/10/2023 muri Sosumo mu ntara ya Rutana, umudandaza amaze kubona uwo muntu yinjiye mw'iduka yiwe atariho ari niho yaciye atabaza ababanyi barashwabaduka bafata wa mugabo nk'igisuma

🍻 Basanze yitekaniye ariko arihereza n'akanyobwa gakaze afise n'amafaranga ibihumbi bibiri mu mufuko yemeza yuko ari ayo yaje afise

😴 Bamubajije ico yaje gukora yavuze ko yabonye nyeniduka ata wuhari aca arinjira ngo abe aramudandariza kuko ngo yamenyereye gufasha mu gihe asanze umudandaza afatiriwe, bamwe bati aragwaye mu mutwe abandi bati sivyo ni igisuma

🪟 Ngo ashobora kuba yaciye mw'idirisha kuko umwango wo basanze wari wugaye neza n'igufuri, nta n'akarabagu k'aho ryoba ryahondaguwe

 Bamushikanye mu giporisi basanze uwo mugabo ava i Bukirasazi mu ntara ya Gitega abajejwe intwaro bakaba baciye bamurungika iyo yaje ava

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact