Abana bo mw'ibarabara 256 n'abakenyezi 16 basegerereza mu mabarabara nibo bamaze kurungikwa mu kigo ca Reta co mu ntara ya Cankuzo kugira bigishwe imyuga yo kwiteza imbere, nayo abagera kuri 130 biteguriye kurungikwa

 

Photo Abana bomwibarabara







 Gushika uno musi igenekerezo rya 16 Gitugutu 2023, umuvugizi w'Ubushikiranganji bwo gushigikirana Majambere Ildephonse amenyesha ko abana bagera 256 n'abakenyezi 16 ari bo bamaze kwegeranirizwa muri ico kigo cabateguriwe mu ntara ya Cankuzo

 Ildephonse Majambere amenyesha kandi ko igikorwa co kwegeranya abo bana cabandanije, aho mw'ijoro ryo kuwa 14 rishira kuwa 15 Gitugutu 2023 abajejwe umutekano bo muri komine ya #Ntahangwa muri Meri ya #Bujumbura bafashe abagera kuri 35 abakuze, abana 31 badafise aho baba, nayo muri Mukaza abantu 75 badafise aho baba nibo batwawe muri komisariya y'intango

 Amenyesha ko abo bana 55 bo mw'ibarabara baciye barungikwa mu kigo co mw'i #Jabe kugira baze barungikwe mu Cankuzo

 Ico gikorwa ngo kizobandanya gushika bashitse kwihangiro ry'uko abana bose bavanwa mw'ibarabara kandi ko ata mwana n'umwe yoguma mw'ibarabara, abatagira aho baba, n'abasegerereza mu gisagara ca Bujumbura

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact