Umushoferi yari mu modoka ariko ava mu Rumonge yataye ibarabara agwa muri Tanganyika



Kuri uyu wa 26 Gitugutu 2023 uwo mushoferi ariko ava mu Rumonge aja muri NyanzaLac igihe c'isaha zitandatu z’umurango (12h)niho imodoka yarimwo yata ibarabara maze ikorokera mu kiyaga Tanganyika ariko Imana yakinze ntiyahasize ubuzima

 Ni kw'ikorosi ryo ku Muguruka ku mutumba wa Mukungu muri komine Nyanza Lac intara ya Makamba. Ababibonye bamenyesha ko uwo muduga woba wariko uriruka ku muvuduko munini agiye gukata biranka ica ikorokera mu kiyaga ariko aho yakorokeye akaba ata mazi menshi ahubwo hari amabuye 

 Uwo mushoferi niwe yari mur'iyo modoka wenyene akaba yakomeretse bibayabaye. Abashoboye kumumenya bavugako ava muri komine #Mabanda yo mu ntara ya Makamba ubu akaba yatwawe kuvurirwa mu bitaro bikuru vya komine Nyanza lac

 Aho rero mur'iryo korosi akaba atari iryambere habereye isanganya kuko haheruka no gukorokera imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa coaster

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact