Musaga umuhungu yacumise umukunzi wiwe imbugita birababaje



Kwibarabara rya cumi na kabiri ku musaga neza neza kakabare kwitwa Ouagadougou bar umusore yitwa Ndereyimana Boris ahejeje gucumita umwigeme bivurwa ko basanzwe bari mu rukundo ekambere ngo bariko bitegurira gushinga urugo nk'uko ababazi babivuga.

Muti vyoba vyagenze gute????

Uwo musore ngo baje bazananye n'uwo mwigeme mu modoka yunguruza abantu "Taxi voiture" niho baca binjira mu kabare kari hepfo ku nkengera y'uruzi kanyosha, bungingo umwigeme ahawe agafanta kataragera no hatagati umusore yasokoroye imbugita arengera kuri wa mukunzi wiwe aracumitagura umukobwa akominduru,niho wa musore yaciye atungwa nayo yameze ariko ntivyamwereye kuko abaraho hafi baciye bamufata eka mbere n'inzigo z'umutekano ntizatevye kuhagera.

Ubu uwo musore akaba aciye ajanwa gukorwako amatohoza nayo umwigeme ajanwa kwa muganga ariko akaba yariko aravirirana biteye ubwoba

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact