YAbonye ko asubijwe mu maso y'abo yivye yagerageje kwiyica akoresheje 'ménottes' yaraboheshejwe.



Urwego rw'igihugu c'urwanda rujejwe amatohoza (RIB) rwahaye kuri uyu wa gatanu igipolisi c'uburundi umurundi yitwa JOLIS_BUKEYENEZA yaheruka guhungira mw'ico gihugu kibanyi agiye yivye imiriyoni zirenga 25 mw'ibanki bancobu iri mu gisagara ca BURURI yarasanzwe akoreramwo.

Igihe BUKEYENEZA yagire ahabwe inzego z'igipolisi c'uburundi ku mupaka wa GASENYINEMBA , yagerageje kwiyahura yiyicishije ama pingu yaramuboshe ku maboko arikwo gukomereka cane . 

Ikinyamakuru SosMediasBurundi kivuga ko JolisBukeyeneza yaciye ashirwa mu bitaro vy'i Nyamata kugira avurwe ndetse akaba ari naho acungiwe.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact