Burundi: Yafatanwe imiriyoni zibiri yaragiye gutanga nk'igiturire









Hari umugabo yafatanywe itonga ry'igiturire c'imiriyoni zibiri, yariko agerageza kuziha umushikirizamanza

Ni umugabo azwi kw'izina rya Niyonkuru Japhet yafashwe ariko agerageza guha igiturire c'imiriyoni 2 z'amarundi umushikirizamanza mukuru w'intara ya Bujumbura kugira uno nawe amurekurire mugenzi we.

💬Amakuru ava mu nyamiramabi, amenyesha ko uyo Japhet yari yipfuza kurekuza uwundi mugabo mugenzi we azwi kw'izina rya Life Bashirwa yari yaraye afatanywe umuzigo ugizwe n'ibitenge 70 vya magendu.


 Ivyo bitenge navyo navyo bikaba vyafatiwe mu Gatumba, ku mupaka Uburundi busanzwe buhana n'igihugu ca Congo, kuri uyu wa kane.

NIYONKURU_Japhet batazira Papa_Dany , akaba yafatiwe kuri Parake ya Bujumbura , afatanwa imiriyo 2 z'amafaranga y'amarundi z'igiturire yarashiriye Procureur kugira ngo amufashe kurekura uwitwa Life_Bashirwa yari Yafatanwe ibitenge vya magendu vyinjiye bivuye mu gihugu kibanyi ca Kongo.

Basomyi mwumva uyo mugabo atarinda, yubahuka ivyo bintu muri kino gihe igiturire cahagurukiwe ?



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact