Gitega: "bafatanywe ibirozi none barapfunzwe"




 

Ni abagabo 4 bo ku mutumba wa Kivuvu komine Bugendana intara ya Gitega bari bamaze iminsi mu gasho ka komine inyuma yaho abanyagihigu bashatse kwihanira babagiriza ibintazi harimwo uburozi. Kuri uyu wa 16 Munyonyo 2023 niho babagarukana ku mutumba kugira ngo barabe ko ivyo bagirizwa ari vyo Nk'uko bimenyeshwa n'abajejwe intwaro, muri iryo suzuma mu mihana y'abo bagabo bose uko ari 4, hatowe ibintu biteye amakenga birimwo uduhanga tw'ibikoko n'ibindi biteye amakenga, ibihembe hamwe n'ishano n'ibindi atawoshobora kumenya ivyo ari vyo. "Abenegihugu barashatse kwihanira ariko abajejwe intwaro baba hafi barasukamwo mabisi"

Abo ba nyagihugu baba muri ako gace bamenyesha ko ivyo vyabaye inyuma yaho hamaze iminsi hibonekeza ukudatekana mu mihana itandukanye bagirizanya uburozi

Musitanteri wa komine Bugendana Bukuru Béatrice yaranyarukiye kuri uwo mutumba wa Kivuvu ku muhingamo wo kuri uyu wa 16 Munyonyo 2023 mu ntumbero yo kubagirisha inama y'ihumure , aca asaba ko abenegihugu bokura amaboko mu mpuzu bagakora ndetse bakavyara no k'urugero kuko indyane nk'izo akenshi zituruka ku matati y'amatongo 

Ibintu vy'uburozi aho mu kibano iwanyu biravugwa?


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact