Ngozi: Umugabo w'imyaka 65 arapfunzwe yagirizwa gushurashuza abana barenga 3



Uwo mutama w'imyaka 65 aheruka gupfungwa (haraheze iminsi itatu) ahorwa gushurashuza umwana atarashikana imyaka 10, asanzwe aba ku mutumba Kanyami muri zone na komine Ngozi. Amakuru yukuri nk'uko bishikirizwa n'ababnyi hamwe n'abaharanira agateka k'abana yemeza ko uwo mutama yoba ahubwo yashurashuje abana 9 aho amatohoza akaba ariko arakorwa 

 Kuri uyu wa 7/11/2023 abakenyezi 3 bashikanye abana babo 3 mu bajejwe agateka ka zinamuntu n'ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, umwe w'imyaka 6, uwundi 7 uwitwa ko akuze afise imyaka 9. Ivyo bibondo vyemezako uwo mutama yabashurashuje abahendesheje ivyo kurya. Ivy'uko bashurashujwe bikemezwa n'abaganga babapimye

🎙️Abaharanira agateka k'abana bavugako ivyo bikorwa vy'ububisha biteye ubwoba, basaba abajejwe umutekano, intwaro n'ubutungane kuvira hasi ico kibazo kuko ivyaha nk'ivyo vyasubiye kugwira cane mu bice bitandukaye vy'intara ya Ngozi

👀 Intererano yanyu kugira ayo mabi atuzwe yoba iyihe ?


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact