Tanzania: umugabo yagize ubugeni n’abagore 3 ku munsi umwe baca barara ku gitanda kimwe

Uyo mugabo aba mu karere ka Shanwe mu ntara ya Katavi avuga ko iciyumviro co kwubakana n’abagore benshi cavuye ku kuntu umugore wa mbere babanje kwubakana batanavyaranye yamugora cane. Bama mu nduru zidahera. Ivyo rero ngo vyaramumena umutwe. Yari yubatse afise imyaka 18, ariko uwo mugore wa mbere bakaba baciye bavana. Aca afata ingingo ko niyongera gushinga urugo azubaka n'abagore benshi. 

Kwubakana n’abagore benshi yabifashe nk’inyishu yo kwirinda kubabara mu gihe hogira umugore umwe amuheba, kuko hagize uwumuheba azoba yifitiye abandi. Ntazoguma ari wenyene ngo yigunge

Uyo mugabo avuga ko inyuma yo guhebana n’uwo babanje kubana, yaciye abana n’uwundi bavyaranye kabiri, ariko yari yaramubwiye ko azokwubakana n’abandi batatu kandi ku munsi umwe gutyo atunge abagore bane. Ivyo akaba yarabishitseko ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze

Umugore wiwe mukuru avuga ko yari abizi ko umugabo wiwe azobana n’abagore benshi kuko yari yabimubwiye imbere y’igihe. Agira ati:" Ahuko yoguma asohokana n'uwo ari we wese, yohitamwo abo babana yipfuza akareka kuja aragenda yinyegeje, akimara ipfa, gutyo agatekana." Kandi ngo nta nzigo bafitaniye abo bagore kuko no ku munsi yubakana n’abagore 3 ku munsi umwe baraye ku gitanda kimwe co kumugore mukuru barara baratera inkuru, nk'uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi

 Uwabahezagiye mw’idini baturukamwo avuga ko kwubakana n’abagore benshi bifise akamaro kanini  kuko bigabanya igitigiri c’abakobwa batagira abagabo kuko abakobwa basigaye ari benshi kuruta abahungu

Yipfuza kuvyara abana 40. Umwe wese avyare abana 10. Ashaka kugira umuryango wagutse. Avuga ko na se wiwe  yubakanye n’abakenyezi 3 yavyaye abana benshi uwo muhugu atazi n’igitiri

 Nk’ubu ushoboye kubona uwo mugabo womubwira akahe kajambo?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact