Pacifique Arakaza arasaba ubufasha bwo kwivuza.

 


FASHA nawe warafashijwe nkuko abarundi twama twaabikoze dushigikire uyu muvandimwe

Ubutumwa bwiwe bugira buti :

"Mwaramutse na mwiriwe, umwe wese aho aherereye amahoro y'Imana abane namwe.

Nitwa ARAKAZA Pacifique, mfise imyaka 25, mvuka mu ntara ya Makamba ikomine ya Mabanda, umutumba Samvura.

Ndi n'iteka ntangere ryo gusaba ubufasha bwo kuja kwivuza hanze y'igihugu. Naragize isanganya ry'ipikipikipi (moto), italiki 9/9/2022. Naravuriwe mu bitaro bitandukanye vy'aha mu Burundi, aho navuriwe muri CMCK-centre medico-chirugical de Kinindo amezi ashika kuri indwi (7 mois) kugeza aho ubushobozi buhera, nja kubandaniriza mu bitaro vy'abasirikare (hôpital militaire de kamenge) ari naho nsanzwe ngwariye kugera n'uyu musi muri Bloc 6 chambre 24. Baragerageje kumvura uko bashoye kose, banshira ku ma Antibiotique ashoboka, yose agira résistance kugeza aho bangirira commission médicale yokuja kwivuza mu Bubiligi. Twarashoboye kuronka umuganga atubwira ko abishoboye mu Bubiligi, yatwatse 15.350 Euros, kugira nshobore gushikayo vyose hamwe hakenewe 20.000 euros (hafi imiliyoni 90 z'amarundi). Ubwo buryo ntabwo noshobora kuronka, niyo mpamvu ntabaje abarundi benewacu bari mu Burundi canke mu mahanga, ngo muntetere nshobore kwivuza. Imana ihe umugisha buri muntu azogira aco amfashije."

🔴 Abipfuza kumufasha boca hehe ?

Abari mu Burundi, boshira ngaho 

- Code Agent: 158074 IRANKuNDA Achel (lumicash)

- Lumicash: 62 574 896 ARAkAZA Pacifique

- Ecocash: 76 699 569 ARAKAZA Pacifique

- Bancobu eNoti: 76 699 569 ARAKAZA Pacifique

- Compte Bancobu: 17271720101-19 ARAKAZA Pacifique

- Compte Coopec Gitega : 44428 ARAKAZA Pacifique

🔴 Abari hanze y'Uburundi boca kuri GoFundMe : https://gofund.me/9a9248d7

(Amafoto Pacifique ARAKAZA yadusangije yerekana ukuguru kwiwe ntitwubahutse kuyashira ku rubuga, arateye ubwoba)

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact