Tanzanie: Umuhungu yishe Se wabo amuziza kugendana na Nyina wiwe



Erik Mwanga afise imyaka 19, yatemye Se wabo Isawafo Mwanga w'imyaka 47, amwagiriza kuba yaramaze igihe agendana na nyina, nyuma yaho yomotse agatandukana na Se w’umuhungu. 

Aho iryo bara ryabereye ni mu ntara ya Kilimandjaro, nk'uko bishikirizwa na Jacob Swai umwe mu barongozi bo mu karere ka Uswa, yemeza ko uyo muyabaga yagiye kumuramutsa afise umupanga ahengera asamaye gato aca amusimbirako aramutema kw'izosi. Igiporisi cashitse ibara ryamaze kugwa, uwakoze ubwo bubisha aca ajanwa gupfungwa

💬 Umwe mu bavukana n'uyo muhisi Omben Mwanga, ashikiriza ko uyo muyabaga yishe Se wabo yaramaze kubitegura kuko bari bamaze iminsi ari abagenzi imbere yuko akora ubwo bubisha "biboneka ko yamye ashaka kumwiyegereza kugira aze aronke aho amuhera. Narirya yari yarigeze kuvuga ko azomwiyicira kubera atanezerezwa n'imigenderanire ya nyina wiwe na sewabo. 

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact