Bwari ubwambere nciye inyuma umugabo wanjye ndyamana n'umusore ankoza ahantu none kumwikuramo byananiye / Mbigenze nte ko mbona agiye kunsenyera koko?


Ibintu birancanze kuburyo nayobewe uko mbigenza inyuma y'uko mpuye n'umusore ari ubwambere nciye inyuma umugabo wanje , labyrinthe uwo musore ankorera ibintu bidasanzwe anyereka ko ashoboye mu gutera akabariro , none ndabona bigiye kuntandukanya n'umugabo twavyaranye gatatu kose, gusa ndamukunda n'ubwo ivyo gutera akabariro nubwo aba atavyitayeho.

N'umugore w'imyaka 30 y'amavuko yadusavye ko imyirondoro yiwe tudashobora kubivuga , yatwandikiye atugisha inama abasomyi n'abakunzi b'urubuga new level avuga ko yahuye n'umusore bararyamana amwereka ko abishoboye , none kugeza ubu bishaka kumutandukanya n' umuryango nubwo ariwe yavyishizemwo.

Mu gutangura atubwira uko  vyagenze ayu mugore yagize ati : «Mubisanzwe umugabo wanje tumaze kuvyarana abana 3 afise imyaka 42 ariko kuva twatangira kubana sindabona na rimwe aha agaciro cane igikorwa co gutera akabariro, afise akazi akora ku buryo ataha nka saa tatu z'ijoro yananiwe agatinzwa no gufata amafunguro ubundi agahita yiryamira.

Umugabo wanje nta munsi n'umwe aja yiha wo kuruhuka ahora mu kazi, n'iyo duteye akabariro ni nko kubipa( akanya gato) ubundi agahita agwa  kubera umunaniro avana mu kazi, Mpora nifuza gukora imibonano mpuzabitsina nkimara uburyi  ariko narabibuze kandi mfite umugabo. Gusa urukundo rwo rurahari kandi nta kintu adakora ngo yite ku muryango.

dani rero ni umusore duheruka kuryamana kubera numvaga nifuza gukora imibonano mpuzabitsina nkayihaga, Uwo musore yabinkoreye neza ku buryo vyanteye ivyishimo bidasanzwe kuri uwo munsi, naratashe mu rugo nkaja nisekesha ubusa ku buryo abo tubana bambazaga ico ndi guseka nkakibura nyamara ibitekerezo vyanjye vyari vyibereye ku bihe vyiza nagiranye n'uwo musore.

Uwo musore tuja kuryamana natekerezako ari rimwe risa bitazongera kubaho, nyamara kugeza ubu tumaze kuryamana incuro 4, kandi rwose ampora muvyiyumviro ku buryo kumwibagirwa vyananiye, buri gihe nsigaye numva naja kumwirebera akandyohereza, umugabo wanje nawe akomeje kumbaza impamvu asigaye abona mfite akanyamuneza nkabura ico musubiza.

Ndi kwibaza uko bizagenda umugabo wanje nabimenya, nonese nemere ngume hamwe  nkomeza nifuze gutera akabariro mfite umugabo ? uwo musore nerure ndamuhebe kandi ankemurira ikibazo umugabo atankemurira ? Nayobewe ico nakora mungire inama ».

nkuko yanditse adusaba impanuro ngo tumufashe kubishira kurubuga ngo abasomyi bamuhanure musomyi muhe impanuro ubicishije muri Commentaires (ibitekerezo)


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact